agahinda - pazzos bi lyrics
abantu turasa ariko ntidusangiye imitima
hari abo urweze barangwa n’urukundo imbere y’abandi
n’abandi aho ugeze bakuvuma ukamengo nturi umuntu
bakagutera agahinda k*mutima utari uvyiteze
n’abandi bakugirira umwikomo ntibabikubwire
bakakureka ariko umutima wo atamahoro ufise
none mwese murinze iki muguharanira amahoro
hari abagowe bamana amaganya je ndabibabwiye
niwihorere ko we baguhevye twe turakwibuka
nakare ngo amosozi y’umugabo atemba aja mu nda
na twebwe turaguhoza ariko dukeneye abaduhoza
umuntu wese afise uko imana yamugeneye kubaho
ikintu gihahamura umutima ni akarenganyo
umuntu aracinyizwa bakamurengеra agateka
ariko abuze ikimuremеsha ashobora guta ukwizera
akabona yuko imana yo isa niyamuhevye
igitangaje nuko imana yatugeneye igihe
ugira neza ukora nabi imbere yayo uzoshika wishura
ariko hari abibaza ko ngaha kw’isi vyose ari ivyabo
amaruhiro uwo musi uzoshika twe tukavyishura
niwihorere ko we baguhevye twe turakwibuka
nakare ngo amosozi y’umugabo atemba aja mu nda
na twebwe turaguhoza ariko dukeneye abaduhoza
umuntu wese afise uko imana yamugeneye kubaho
nakare imana yaduhaye ubwenge kugirango dukore
ariko sivyiza ko twebwe duca tubukoresha nabi
yaraduhaye amabwirizwa kugira ntituyarenge
twayahawe n’uwuganza ijuru n’isi we yaturemye
none iyi si yacu kuki yirirwa mugicumuro no mu ntambara
abantu bagatikira kandi twese twari abavukanyi
muntu wese waremwe aha kw’isi nukorere imana
ntuzomaramare uwo musi wo gushikayo ukugezeho
niwihorere ko we baguhevye twe turakwibuka
nakare ngo amosozi y’umugabo atemba aja mu nda
na twebwe turaguhoza ariko dukeneye abaduhoza
umuntu wese afise uko imana yamugeneye kubaho
niwihorere ko we baguhevye twe turakwibuka
nakare ngo amosozi y’umugabo atemba aja mu nda
na twebwe turaguhoza ariko dukeneye abaduhoza
umuntu wese afise uko imana yamugeneye kubaho
Random Song Lyrics :
- jungle fever (feat. shaina baggins) - phil j. lyrics
- silence - jay arre lyrics
- spirals - sun drug lyrics
- έτσι είμαι (etsi eimai) - δπθ (dpth) lyrics
- fareeha your mine - himanshu semwal lyrics
- can't be average - twanny2c lyrics
- baksana (r&b version) - hadise lyrics
- stay - zeshan b lyrics
- summertime - riley lyrics
- metafizyka - mikser (freestyle) lyrics